Red Tabara wemeza ko ariwo waraye utanye mu mitwe n’ingabo z’Uburundi

0

Ejo ku musi wa mbere hahise igenekerezo rya 26 Nzero 2016 mu gatondo ka kare, harabaye imirwano hagati y’abapolisi barikumwe n’abasirikare b’Igihugu ku ruhande rumwe hamwe rero n’abarwanyi bivurwa ko bari mu murwi Red Tabara wemeza ko uriko urarwanya Intwaro ya Petero NKURUNZIZA ukoresheje umuheto.

Burundi-army

Muri ico gitero rero ingabo z’Igihugu zemeza ko zashoboye kwica abarwanyi babiri maze bagafata inkoho imwe hamwe n’amasasu. Ku ruhande rw’abarwanyi, umurwi Red Tabara bivurwa ko wagandaguye abasirikare batanu hama bagakomeretsa umwe ivyo bikaba vyashikirijwe n’abanyagihugu babibonye aho bari batekewe n’ubwoba maze bakaguma biyugaraniye mu mazu.

Kimwe gusa, n’aho uwo murwi umaze imisi wemanga ibitero hirya no hino, gushika ubu nta bategetsi bawurongoye baramenyekana uretse uwihaye izina IHOTORIHIRWA yama akunda gushikiriza ivyo bavuga ko baba bashitseko.