Umurwi CVR ukeneye amafaranga ataboneka iyo azova

0

Imiriyoni 34 z’amafaranga y’amadorare nizo zikenewe n’umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha Abarundi, kugira uwo murwi ushobore kurangura ibikorwa wahawe. Umukuru w’uwo murwi agasaba abafasha Uburundi ko boterera kugira ayo mafaranga aboneke.

Musenyeri Jean-Louis Nahimana, umukuru w’uwo murwi, mu kiganiro yagiranye n’abaserukira mu Burundi ibihugu vyabo hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, yamenyesheje ko uwo murwi wohabwa amahirwe y’’ugushobora kurangura igikorwa washinzwe. Mu gihe amakungu abandanya gusaba nyabuna ko butegetsi bw’Uburundi bwokwihutira kuja mu biganiro n’abatavuga nabwo, Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA amenyesha ko icari cihutirwa muri iki gihe Uburundi buri mu ndyane, ari uguha uburyo bw’ugukora umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi.

nahi

Uwo murwi ukeneye ayo mafaranga mu gihe abafasha Uburundi baheruka guhagarika imfashanyo zose zahora zihabwa igihugu, iyo ngingo ikiba yafashwe mu ntumbero y’ukugondoza Reta y’Uburundi ko yoja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo. Inyuma ya Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, abaheruka gufatira ingingo Uburundi y’uguhagarika imfashanyo ni ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.

Iyo ngingo y’uguhagarika imigenderanire n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yafashwe mu nama yamaho igira iya 97 yahuje inzego ziserukira abandi muri iryo shirahamwe.
Muri iyo nama yaremeshejwe na Michaëlle Jean, umukuru w’iryo shirahamwe, ingingo yafashwe n’uko imigenderanire n’ugufashanya vyohagarikwa mu Burundi, ariko igihugu kikagumizwa muri iryo shirahamwe.

Uburundi bwahowe ko buterekanye ugushaka mu kuva mu ntureka igihugu kirimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, aho umutekano ubandanya gutituka, ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikaba bibandanya kwibonekeza, ibiganiro navyo hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo bikaba vyadindiye.

Louis Hamann, umuvugizi w’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa amenyesha iyo ngingo ifashwe kugira bagondoze Reta y’Uburundi itore umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, yemere kandi n’ukwitaba ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo, bidakumira vy’ukuri.

Kuri ivyo bihano bifatirwa Uburundi, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yasavye Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi gusubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).

Mu rugendo rw’amahoro yarimwo kuri uwu wa gatandatu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko naho abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bogenda, ataco igihugu kizoba kubera gifise isi imera kandi Abarundi barazi kurima, bakazobaho ata ngorane.

Gaston SINDIWMO yagize ati : « Hari abamaze iminsi bafatira ibihano Uburundi, bakandika ko n’imigenderanire n’igihugu cacu bayihagaritse, abo kuva bayihagarika baracari mu Burundi kandi n’ibiro bakoreramwo baravyugaye, bakirirwa batembera mu gisagara ca Bujumbura. Ni ukuvuga rero, ntaco bagikora ngaha.. Bavuze ko bahagaritse imigenderanire n’igihugu cacu c’Uburundi, nta kazi bagifise ngaha, nibatahe. Bakaba bagumye ngaha, nibakore icabazanye, bace basaba visa ya Tourisme, hanyuma bagire tourisme tubizi. »