Bururi : Abanywanyi bane ba CNDD FDD bagandaguwe

0

Abanywanyi batatu ba CNDD FDD bari mu bunywero ku musozi Nyatubuye, zone Muramba, komine Mugamba, intara ya Bururi bishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana. Abo bishwe bari bamye i Nyagasasa mu bikorwa vy’umugambwe CNDD FDD.
Amakuru atangwa na bamwe muri ubwo bunywero avuga ko abaronderwa boba ari abo batatu bishwe, kuko abandi ataco babagize.

Jérôme NTAKARUTIMANA, umukuru w’umutumba warasiweko abo bantu avuga ko abo banywanyi batatu ba CNDD FDD barasiwe mu bunywero barimwo nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, ku mutumba Nyakibuye. Abagandaguwe ni nyene ubwo bunywero hamwe n’abandi babiri bari kumwe nawe.

buri

Umunywanyi agira kane nawe nyene yari asanzwe ari umunywanyi wa CNDD FDD yarasiwe ku mutumba Muyange-Kavumu, abamwishe bakaba bamusanze muhira iwe nk’igihe c’isaha zine z’ijjoro. Abamwishe bamuhamagaye mw’izina bamusaba kwugurura ntiyabikora, arikwo guca bamumenerako umuryango bamusanga mu cumba, bamurasa amasasu aca yitaba Imana. Amakuru ava aho ku mutumba Muyange-Kavumu amenyesha ko abarashe uwo munywanyi wa CNDD FDD babanje kumubwira bati : « Turazi iyo wamye ! »

Abasoda benshi bakaba bazindukiye ahagandaguriwe abo bantu, abanyagihugu bagasaba ko umutekano muri ako karere wokwongerezwa, kuko ubwo bwicanyi butabaye ubwa mbere bukozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.