Umunywanyi wa RWASA Agathon yakubiswe gushika aho apfa

0

Umunywanyi umwe w’umugambwe FNL, ishami riyoboka umushingamateka RWASA Agathon yakubiswe arashaya n’Imbonerakure za CNDD FDD, gushika aho yitaba Imana. Yari kumwe n’abandi bantu batanu nabo nyene bakubiswe bikomeye.

Ivyo vyabereye ku musozi Mutuhurana, komine Matongo, intara ya Kayanza. Urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwabaje kuja gusaka ku rugo rw’uwo yishwe, bamwagiriza ubusuma. Nta mwanya munini watevye, izo mbonerakure zaciye zitangura gukubita abo bayoboke ba RWASA Agathon gushika aho umwe muribo apfa.

Eugène Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL mu ntara ya Kayanza, amenyesha ko bitumvikana ingene umuntu yokubitwa gushika aho yitaba Imana, akavuga ko naho yari kuba afise ivyo yagirizwa, izo Mbonerakure za zari kumushengeza mu butungane. Mu mugambwe FNL bagashikiriza ko ivyabaye ari uruhigi rukorerwa abayoboke ba RWASA Agathon, hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza bamenyesha ko bamaze gufata bamwe mu bakubise abo bantu, n’abandi bakaba bariko bararonderwa.