Rutana : Abanywanyi ba CNDD FDD bari bacanyemwo

0

Inyuma y’imisi iheze biyamiriza umukuru w’umugambwe CNDD FDD mushasha w’i Gitanga mu ntara ya Rutana, amatora yarasubiwemwo kuri uwu wa gatanu. Ramazani Barekebivugire akaba ariwe yatowe mu matora benshi bavuga ko yabaye ku mugaragaro. Ayandi matora yiyamirijwe akaba yari yabaye ku ndwi iheze.

Abanywanyi benshi b’umugambwe bavuka i Gitanga n’i Nyakuguma bakaba barayiyamirije. Bipfuza amatora yo mw’ibanga aho kugira amatora yo ku mugaragaro.

nc

Amatora aheruka yari yatunganijwe mu ndwi iheze. Ayo nayo yiyamirijwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bavuka muri zone Gitanga n’i Nyakuguma. Basaba amatora yo mw’ibanga aho kugira amatora yo ku mugaragaro.

Ku musi wa Gatandatu Jediyo Nzohabonayo, avuka muri zone Kinzanza akaba ariwe yatowe.
Urwo ruhagara hagati y’abanyamigambwe rwari rwateye imvururu mw’isoko yo ku Gatereni.