Umukuru w’Igihugu Pierre Nkurunziza Mu Rugendo Mu Gihugu Ca Tanzaniya.

0

Nkuko ibiro vy’umukuru w’igihugu vyabitangaje, Umukuru w’Igihugu Pierre Nkurunziza ari mu Rugendo Mu Gihugu Ca Tanzaniya kuri uyu musi wa kane itariki 20 Mukakaro 2017.Akaba yakiriwe n’Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Tanzania ku mupaka Uburundi buhana na Tanzaniya.

Akaba yaciye i Kobero muri Province ya Muyinga imbere y’uko ajabuka umupaka aja muri Tanzaniya.Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza akaba aza kubonana n’Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli muri District ya Ngara, muri Tanzaniya,hafi y’umupaka n’Uburundi.

Umukuru w’igihugu akaba yakiriwe muri District ya Ngara muri Tanzania.

Umuvuguzi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa, yamenyesheje ati: “Intumbero y’urwo rugendo ni gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi na Tanzaniya”.Karerwa amenyesha ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye ubutumire bwa Mugenziwe wa Tanzaniya.Abandanya asigura ko abo bakuru b’igihugu babiri bazoganira kuri Politike,ubutunzi hamwe nibibazo vya EAC.

Umukuru w’igihugu akaba yaherekejwe nabategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu butegetsi.Abamuherekeje hakaba harimwo umushikiranganji w’Umutekano,Alain Guillaume Bunyoni, Umushikiranganji wo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye, Umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu Alain Aimé Nyamitwe, Umushikiranganji ajejwe ibibazo vya Afrika y’Ubuseruko Isabelle Nahayo hamwe n’Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo.

Uru rugendo rukaba rubaye urwa mbere Pierre Nkurunziza akoze hanze y’igihugu kuva atowe kubwikiringo ca gatatu cahaririweko cane muri 2015.Umusi yaheruka gusohoka igihugu wari uwa 13 Rusama 2015,aho umu general yari muri Leta yiwe,Godefroid Niyombare,yatangaje ko ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza bwatembagajwe, ariko iryo gerageza ryo gutembagaza ubutegetsi rikaba ryaciye riburizwamwo hadaheze n’amasaha 48.Iburizwamwo ryo gushaka gutembagaza ubutegetsi rikaba ryaciye rikurikirwa no guhunga kwabari bateguye uwo mugambi,hariko no gufunga bamwe mu babikoze.