Amadosiye 533 Y’Ubukozi Bw’Ikibi Bwakozwe Mu Burundi Yarashikanywe Muri CPI.

0

Ku musi wa mbere itariki 17 za Mukakaro 2017, hari ishirahamwe ry’ababiligi bagendeye Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu CPI bajanye n’abashingwamanza babo(umubiligi hamwe numu hollande) ;uwujejwe ibibazo bijanye n’ubutungane yarashikanye muri CPI amadosiye 533 avuga amabi yakozwe mu Burundi kuva 2015.

Nkuko ikinyamakuru gikorera mu Bubiligi Buja News cabitangaje, ku madossiye 533 yakozweko amatohoza, amadosiye y’ubukozi bw’ikibi 372 yegekwa ku bagize Leta y’uburundi hamwe nabari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ni ukuvuga igisirikare, abapolisi, inzego z’igendereza(SNR) hamwe n’umugwi(milice) w’urwaruka wo mu mugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure.

Amadosiye 89 muri ayo madosiye yegekwa ku batavuga rumwe na Leta( Opposition radicale) ubu bari mu buhungiro ni ukuvuga imigambwe ya politike, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, imirwi irwana hamwe n’abantu bamwe bamwe bavuga ko baharanira agateka ka zina muntu.

Amadosiye asigaye y’Ubukozi bwikibi yegekwa ku bintu bitandukanye harimwo amatati y’amatongo, ingorane hagati yabantu, Ubusuma hamwe n’ukwihorahorana.Ayandi madosiye azoja ahabona bivanyue nuko azoba yaheze gukorwako amatohoza yitondewe.

Ayo madossiye y’ubukozi bw’ikibi bwakozwe mu Burundi yatanzwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ku musi wa mbere yabonetse habanje gukorwa amatohoza hamwe no kwegeranya amakuru vyitondewe mu Burundi hamwe no mu makungu kuva hatanguye amagume muri Ndamukiza yatangujwe n’abakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza.

Igitangaje muri ayo madosiye ni uko havurwamwo abantu bashika kuri 34 bavurwa ko baburiwe irengero ryabo ariko bahavuye babonwa bakwiragiye i Buraya, muri Amerika no muri Afrika. Abo bivurwa ko « baburiwe irengero ryabo » baba mu bihugu vya Canada, Ububiigi, Suede na Hollande bafise ayandi mazina bakiyita ko bariko barondera ubuhungiro.