Umugambwe UPRONA washikirije ivyo uzosaba mu biganiro bigiye gutangura

0

Mu gihe ibiganiro bihuza Abarundi vyatumweko n’umuhuza William Benjamin Mkapa bigiye gutangura kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2016, i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi wamaze gushira ahabona ivyo uzoshira imbere muri ivyo biganiro.

Muri ivyo bizosabwa n’umugambwe UPRONA, Tasiyano SIBOMANA umuvugizi w’uwo mugambwe avuga ko ari ugusaba ko ihonyabwoko n’ubwicanyi bwa poritike vyohagarara mu Burundi, abapfungiwe imvo za poritike bakarekurwa.

Tasiyano SIBOMANA umuvugizi za UPRONA amenyesha kandi ko bazosaba ko hatunganwa intwaro y’imfatakibanza itarongowe na Petero NKURUNZIZA, kuko muri UPRONA hamwe no mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bamwagiriza ko yahonyanze amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro.

sib

Muri CNARED, urunani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, bamenyesha ko babwiye umuhuza Benjamin William Mkapa ko muri ivyo biganiro vyimirije, hazoyaga impande zibiri, ni ukuvuga uruhande rwa Petero Nkurunziza n’abamushikigiye, hamwe n’uruhande rw’abadashigikiye ihonyangwa ry’Amasezerano y’i Arusha, ari bo bahurikiye mu nama nkuru y’Igihugu CNARED, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Muri ivyo biganiro bigiye gutangura kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2016, CNARED yasavye umuhuza ko n’imihari yafashe ibirwanisho yotumirwa.

Umukuru w’urunani CNARED Yohani Minani yaboneyeho akaryo ko kwibutsa umuhuza mu mubonano bagiranye, ko urunani CNARED rutegerezwa gutumirwa kuriryo zina atari kw’izina ry’imigambwe igize urwo runani.

john

« Twarongeye turadondagurira umuhuza abahurikiye muri urwo runani CNARED-GIRITEKA. Abo nabo ni imigambwe n’amashirahamwe ya poritike arenga 25, ni abahoze barongoye Uburundi, ni abahoze barongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi, ni abahoze ari ivyegera vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, abahoze ari abashikiranganji ba mbere b‘Uburundi. »