Umuntu yiyemerera ko ari umurwanyi yafashwe n’igiporisi

0

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu wa kane abantu indwi bafashwe bagirizwa ko bari mu bahungabanya umutekano. Umwe mubafashwe aravyiyemerera, akaba kandi yafatanwe gerenade zitandatu.

Uwo yafatanwe izo gerenade yiyemerera ko ari umurwanyi w’umuhari PALIPEHUTU FNL urongowe n’uwitwa Israel. Uwo yafashwe yemeza kandi ko yari asanzwe akorera ahitwa mu Kiyenzi, zone Kanyosha. Ico caha aracemera, ariko akavuga ko abandi bantu bafatanwe nawe mu nzu yarimwo borekurwa, kuko yari yabasavye indaro, kandi badafitaniye isano n’ivyo akora.

image

Uwo yiyemerera icaha avuga ko yari yahawe amategeko n’abamutwara bamutumye gutera izo gerenade yafatanwe.

Mu gihe yafashwe ataratera izo gerenade, uwo yiyemerera ko ari umurwanyi avuga ko yari akirindiriye amategeko ahabwa, akavuga ko hari n’iyindi mihari bari kumwe, akavuga ariko ko iyo mihari itariko irumvikana n’iyo PALIPEHUTU FNL avuga ko irongowe na Israel.

Uwundi yafashwe ni umusore avuga ko yabonye afatirwa muri zone ya Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura, akavuga ko bamurenganije, kuko ivyo ariko aragirizwa ko ari umurwanyi atabizi.