Big Fizzo yagarutse mu gihugu camwibarutse

0

Nyuma y’umwaka urenga aatari mu gihugu ciwe c’amavukiro,Umuririmvyi Big Fizzo yaraye agarutse mu burundi aho yari yaje aje gukora igiteramo yari yatumiwemwo n’abanyeshure bo kuri lycee y’ikiyaga tanganyika
ami na fizzo
Big Fizzo rero akaba yashitse ejo ku munsi wagatandatu ku kibuga c’indege ca bujumbura aho yasanze isinzi ry’abantu ryaje kumwakira harimwo umuvyeyi wiwe,mutonya wiwe,abamenyeshamakuru n’abakunzi biwe,Big fizzo akaba yaje arikumwe n’uwusanzwe ahagarariye ibikorwa vyiwe muri kino gihe ariwe Alex
Agishika ku kibuga c’indege ca bujumbura big fizzo akaba yarashoboye kugaragaza umunezero wiwe aho yavuze ko aryohewe cane kubona umuryango wiwe,abakunzi biwe,n’igihugu ciwe nyuma y’umwaka urenga atari hano

Vyinshi muvyo twagiye turayaga nuyo muririmvyi mukazoza murabisanga hano ku kinyamakuru cacu