Ubuzima bw’umuporisi OPC1 Alexis MANIRAKIZA bwateye amakenga

0

Incuti z’umuporisi azwi kw’izina rya OPC1 Alexis Manirakiza ziratewe amakenga n’ubuzima bw’uwo muporisi akwije iminsi itanu apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura, akaba ariko ata n’umwe aremererwa kubonana nawe, mbere n’umugore wiwe n’abana bakaba bataremererwa kumubona.

OPC1 Alexis MANIRAKIZA yahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Nyakanga 2016, atwarwa mw’igendereza i Bujumbura. Mu gihe umupfasoni wiwe abandanya kuja gusaba ko yobonana nawe, abwirwa ko bidashoboka kubera akiriko arabazwa. Amakenga ni yose ku muryango w’uwo muporisi uvuga ko bitumvikana ingene iminsi yogera kuri itanu ata na rimwe bemerewe kumubona.

amo

OPC1 Alexis MANIRAKIZA yahoze mu gisirikare c’Uburundi, imbere y’uko ashirwa mu giporisi, mu mazeserano y’amahoro y’uguhagarika intambara.

Yafashwe yagirizwa ko akorana n’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano w’Uburundi. Amakuru atangwa n’umupfasoni wiwe avuga ko OPC1 Alexis MANIRAKIZA agifatwa, igiporisi caciye kija gusaka ku rugo iwe, ariko akaba ata kintu na kimwe cahafatiwe.

Umuryango wiwe usaba ko wohabwa uburenganzira bw’ukubonana nawe.