Ubuzima bwa HUGO HARAMATEGEKO yanyurujwe buzobazwa nde?

0

Umukuru w’umugambwe NADEBU, Hugo HARAMATEGEKO yahagaritswe mu gatondo ko ku munsi wa gatatu, abaporisi bakaba bamusanze muhira iwe ku Mutakura. Iminsi ibaye itanu umuryango wiwe utazi irengero ryiwe. Mu giporisi bavuga ko batazi ivy’ifatwa ry’uwo mukuru w’umugambwe NADEBU.

Mu giporisi c’Uburundi, babicishije ku muvugizi waco, bamenyesheje ko batobazwa ivy’ifatwa rya Hugo HARAMATEGEKO asanzwe ari umukozi wa Reta akora mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, akaba yafashwe mu gihe yariko aritegura kugira atonde ku kazi kiwe ka minsi yose. Ntiyahawe n’umwanya w’ukwambara impuzu, kuko bamufashe avuye kwiyuhagira.

kipa

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Hugo HARAMATEGEKo yanyurujwe, kuko ku bwiwe mu giporisi c’uburundi atariko bahagarika abafise ivyo bagirizwa.
Kubwa OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, iyo aba ari abaporisi bamukeneye, bari kumusanga ku kazi aho asanzwe arangurira imirimo yiwe, bitwaje umutahe w’ukumuhagarika. Igiporisi c’Uburundi gisaba umuryango wiwe ko wokwitura ubutungane kugira amatohoza akorwe.

N’aho mu giporisi c’Uburundi bahakana ko ataribo bafashe Hugon HARAMATEGEKo umukuru w’umugambwe NADEBU, ababanyi hamwe n’umupfasoni wiwe bavuga ko yafashwe n’abantu bambaye impuzu z’igiporisi mu gatondo ko ku munsi wa gatatu.

Hugo HARAMATEGEKO arongoye umugambwe NADEBU utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, mu matora y’2015, umugambwe arongoye ukaba wari mu runani na Karori NDITIJE, umukuru w’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura.

Umuryango wiwe usaba ko wobwirwa aho apfungiwe, ukamenyesha ko niyagira ico aba bizobazwa igiporisi c’Uburundi, kuko yafashwe n’abaporisi bamusanze muhira.