Ubuzima bwa Sipiriyano NTARYAMIRA hamwe n’ivyaranze ukubaho kwiwe

0

Mu gihe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2016 hibukwa imyaka 22 iheze umukuru w’igihugu c’Uburundi Cyprien Ntaryamira yitavye Imana mw’isanganya ry’indege mu Rwanda, ikinyamakuru UBM news cipfuje kugaruka ku vyaranze ubuzima bwiwe.

Cyprien Ntaryamira yavutse igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka w’1954 ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, intara ya Bujumbura rural. Amashure mato mato yayize mu Rushubi, aca aja kubandaniriza ayisumbura kw’ishure bitirira irya Mutima Mweranda.

Mu mwaka w’1972, yarahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho yaciye abandaniriza amashure yisumbuye n’aya kaminuza, aharonkera urupapuro rw’impamyabushobozi mu bushakashatsi mu mwaka w’1979 n’urupapuro rw’umutsindo nk’umuhinga w’indimo mu mwaka w’1982. Ari mubatanguje mu gihugu c’Urwanda umuhari w’abanyeshure b’abarundi (BAMPERE),aho yari arongoye igisata co guhanahana amakuru. Mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’1979, ari kumwe na Salvator Buyagu, Melchior Ndadaye, Jérôme Ndiho, Festus Ntantungu, Jean Ndikumana, Sylvestre Ntibantungaya, Jean Marie Ngendahayo n’abandi, baratanguje umugambwe w’abakozi b’abarundi (UBU).

sip

Mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’1983, yaratahutse mu Burundi nk’uwuje gutegurira inzira Melchior Ndadaye. Mu kwezi kwa Rusama umwaka w’1985, yaratawe mu mvuto, amara umwaka wose apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ata rubanza yaciriwe, azira imvo za poritike (yagirizwa kuba ariwe arongoye mu kinyegero abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihe bwari burongowe na Yohani Batista Bagaza.)
Ni muri uwo mwanya nyene baca bashinga mu kinyegero umugambwe Sahwanya FRODEBU, utangujwe ahanini na Cyprien Ntaryamira, Melchiol Ndadaye, hamwe na Leonarudo Nyangoma, mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’1986.

Inyuma y’imyaka itandatu ari umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi, yaragenwe kuba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’1993, muri Reta ya Melchiol Ndadaye. Inyuma y’igandagurwa rya Melchior Ndadaye mu mwaka w’1993, Cyprien Ntaryamira, akaba yaciye agenwa kurongora igihugu c’Uburundi.

Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, Sipiriyano Ntaryamira yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro ya Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu.
Inzego zimaze gusenyurwa, uwo mukuru w’igihugu Ndadaye akagandagurwa co kimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka, hamwe n’icegera ciwe, Sipriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994, inyuma y’ibiganiro vyamaze umwanya munini. Agishikira ubutegetsi, yaciye agena Anatole Kanyenkiko kugira amubere umushikiranganji wa mbere.

Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu, nk’umukuru w’igihugu Mwinyi bahuriye i Kigoma, na Mobutu i Gbadolite, barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.

Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana ahitanywe n’isanganya ry’indege kuwa 6 Ndamukiza 1994, akaba yari avuye kubonana na bagenziwe bo mu karere, ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi.