Uburundi bwasabiwe kwirukanwa mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC)

0

Amakuru dukura muri Sentare ya Afrika y’ubuseruko avuga ko abacamanza bagize iyo Sentare bumvirije kuri uwu wa mbere bamwe mu bashingamateka bagize iryo shirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) basaba ko Uburundi bukurwa muri iryo shirahamwe kubera ko ico gihugu kitariko kirubahiriza amategeko mu burongozi bwaco.

Abo bashingamateka b’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bakaba batanze ibirego muri iyo Sentare mu ntumbero yo gusaba ikurwa ry’Uburundi muri uwo muryango.

com

Ibindi vyagirizwa Uburundi muri ivyo birego vyatanzwe, ni ukutubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu, agahotoro, ubwicanyi, hamwe n’ayandi mabi yose akorwa mu Burundi kuva aho Petero NKURUNZIZA yitoreje mu kiringo ca gatatu abatavuga rumwe nawe bavuga ko kitubahirije amategeko.

Abacamanza ba sentare ya Afrika y’ubuseruko ifise icicaro i Arusha bakaba aribo bazoshikiriza ingingo izoba yafashwe inyuma y’amatohoza kuri ivyo vyagiriji vyashikirijwe na bamwe mu bashingamateka b’uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko.