Reta y’Uburundi yasabwe kutazosubira kwitaba ubutumire bw’umuhuza Benjamin William MKAPA

0

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ariyo PISC Burundi hamwe na CAPES + y’abagendana umugera wa Sida, yasohoye itangazo, aho avuga ko yiyamiriza ingendo ya Benjamin William Mkapa, umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi. Ayo mashirahamwe amenyesha ko atashimishijwe n’ukubona umuhuza yaragiye mu Bubirigi kubonana n’abantu ayo mashirahamwe yagiriza ko bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe abiri PISC Burundi na CAPES + yasavye Reta y’Uburundi kwanka uwo muhuza, mbere Reta igasabwa kutazosubira kwitaba ubutumire bw’ukuja i Arusha Reta izoba yahawe n’umuhuza Benjamin William Mkapa.

N’ayo abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bagenye uwo muhuza basabwe kumusubiza ku murongo, canke bamusubirize n’uwundi.

Hamza BURIKUKIYE, umukuru wa CAPES + avuga ko Reta yari ikwiye ahubwo kwitaho gusumvya, ukwitegurira ihimbazwa ry’imyaka 54 Uburundi buzoba bumaze bwikukiye, umunsi mukuru uzohimbazwa kw’igenekerez rya 1 Mukakaro 2016.

Reta yasabwe gushigikira ibikorwa vy’umurwi w’ibiganiro bibera mu Burundi, uwo murwi nawo ugasabwa gusohora icegeranyo c’imfatakibanza kugira Abarundi n’amakungu bamenye ivyipfuzo Abarundi babwiye uwo murwi.

Hamza BURIKUKIYE yasavye Abarundi guhagurukira rimwe bakiyamiriza umuhuza Benjamin William MKAPA yagirijwe n’ayo mashirahamwe abiri ko yamaze kuba igikoresho.