Busoni : Abanywanyi batanu ba Rwasa Agathon bahora bapfunzwe barekuwe

0

Abanywanyi batanu b’umugambwe FNL ishami riyoboka umushingamateka Agathon RWASA bahora mu gasho ka komine Busoni mu ntara ya Kirundo kuva mu gatondo ko kuri uwu wa w’Imana barekuwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere. Abo bafashwe bariko basangira agacupa, umukuru w’umutumba Munyinya aca arabafata abagiriza ukugira inama itemewe n’amategeko.

Pascal NIZIGIYIMANA arongoye FNL mu ntara ya Kirundo amenyesha ko icaha abo bantu bari bafatiwe ataho guhuriye n’icari cabahuje, kuko bariko basangira urukanwa bavuye mu misa y’umusase, umwe muribo yari yahishije urwarwa aca abatumira iwabo. Nk’uko uwo mukuru w’umugambwe abishikiriza, mu gihe bari bicaranye bariko barasangira, umukuru w’umutumba yaciye azanana n’Imbonerakure za CNDD FDD kubafata babagiriza inama itemewe n’amategeko.

Uwo mukuru w’umugambwe avuga ko ako ari agatotezo kariko gakorerwa abanywanyi ba Agathon RWASA, kuko hari n’abandi bari basanzwe bapfunzwe batararekurwa, nabo nyene bagirizwa kugira inama itemewe n’amategeko.

Uwo arongoye FNL mu ntara ya Kirundo agasaba abajejwe intwaro kwubahiriza ivyiyumviro vy’abo badahuje imigambwe, hamwe n’uburenganzira bwabo bw’ukugenderanira.

Imbere y’uko barekurwa, abo banywanyi batangishijwe ihadabu y’ibihumbi mirongo ibiri yitwa amande administrative, amakuru ava muri komine Busoni akaba amenyesha ko abo banywanyi barekuwe babanje kwiyemerera ko bari mu nama itemewe n’amategeko.