Uburundi bwafatiwe ingingo ikomeye na ONU

0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryemeje ingingo y’uko harungikwa mu Burundi umugwi wa ONU uzomara ikiringo c’umwaka wose uriko uratohoza ku bakoze amabi yabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane kwo mu mwaka w’2015.

Uwo mugwi wa ONU uzokwihweza namba amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka w’2015 akwiye gushirwa mu vyaha mpuzamakungu, kugira ababikoze bashengezwe mu butungane.

twar

Muri iyo ngingo yafashwe na ONU, habanje kuba amatora y’ukwemera canke guhakana ko iyo ngingo yofatirwa Uburundi. Ayo matora yagenze uku gukurikira.

Abatoye ego : Albanie, Belgique, El Salvador, France, Géorgie, Allemagne, Ghana, Lituanie, Mexique, Mongolie, Pays-Bas, Panama, Paraguay, Portugal, Corée du Sud, Slovénie, Swaziland, Macédoine, Royaume-Uni

Abatoye Oya :Bolivie, Burundi, Chine, Cuba, Maroc, Russie, Venezuela

Abo ataco babivuzeko : Algérie, Bangladesh, Botswana, Congo, Côte d’Ivoire, Équateur, Éthiopie, Inde, Indonésie, Kenya, Kirghizistan, Maldives, Namibie, Nigeria, Philippine, Qatar, Arabie Saoudite, Afrique du Sud, Togo, Émirats Arabes Unis, Vietnam.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi. Ico cegeranyo kivuga ko amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016 yatumye abantu bagera ku 564 bicwa, abo bahinga bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.