Reta y’Uburundi yahakanye gukorana na ONU mu matohoza ku mabi yagirizwa

0

Reta y’Uburundi ivuga ko idashobora kwemera gukorana n’uwo mugwi wa ONU, uheruka kwemezwa n’inama ijejwe agateka ka zina muntu, ko mu Burundi horungikwa abahinga baza gukora amatohoza ku mabi yakozwe, hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazokwagirizwa ayo mabi bashengezwe mu butungane.

Inyuma y’ingingo yafashwe n’igisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zina muntu, aho bemeje ko hashirwaho umurwi mpuzamakungu w’amatohoza ku Burundi, mu mugambwe MSD babona ko ari intambwe yo gushima kandi nziza cane.

Ariko rero, mu mugambwe MSD bamenyesha ko baravye ikiringo uwo murwi wahawe c’umwaka wose ko ariho woba washize ahabona icegeranyo c’ivyo washitseko mu kwerekana abakora ubugizi bwa nabi mu Burundi hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazoba bagirijwe babibazwe, muri MSD basanga ko ico kiringo ari kirekire kubera y’uko ababikora basanzwe bazwi.

Umugambwe MSD waboneyeho akanya ko gusaba sentare mpuzamakungu ko yoreka gutakaza umwanya, ahubwo ikihutira gutanguza amatohoza vuba bwango, kugira abagirizwa ayo mabi bahanwe n’amategeko.

Tubamenyeshe ko amashirahamwe ibihumbi bitandatu yagize imyiyerekano kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, yiyamiriza irungikwa ry’abahinga boza kugira amatohoza ku mabi yakozwe kuva mu mwaka w’2015.

Ayo mashirahamwe yiyamiriza icegeranyo c’abahinga ba ONU, hamwe n’ingingo yafashwe n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu yo kurungika umugwi w’abahinga bazomara umwaka wose bagira amatohoza ku mabi yakozwe kuva mu mwaka w’2015.

refus

Abari bitavye iyo myiyerekano bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi baca bagira urugendo rwabashikanye ku biro bikoreramwo igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi. Bari bitwaje ivyapa vyanditseko inyandiko zitandukanye, nk’izihakana ko hagiye kuba ihonyabwoko mu Burundi.

Abahinga baje kugira amatohoza mu Burundi baheruka gusohora icegeranyo, aho bavuga ko hakozwe ivyaha bikomeye bihonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi, mbere banavuga ko bafise n’amazina amwe amwe mu bagirizwa ivyo vyaha.

Kuva ico cegeranyo kimenyekanye haciye hatangura kuza haraba imyiyerekano itandukanye iciyamiriza, abayitavye bavuga ko ivyo bashikirije ataho bifatiye.