Umugambwe MSD watanze insiguro y’imyiyerekano ikorwa n’abashigikiye ubutegetsi

0

Iminsi indwi yose iheze abanyagihugu bashigikiye ubutegetsi bw’i Bujumbura bariko bakora imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo cakozwe n’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Mu mugambwe MSD bavuga ko iyo ngendo y’imyiyerekano y’ukwiyamiriza ONU ari ugutamba ku mivyimba y’Abarundi bama bagandaguwe.

manif

Mu mugambwe MSD bamenyesha ko bamye basaba kuva kera ko hakenewe umurwi w’abahinga bigenga boza gukora amatohoza ku mabi atandungukanye ubutegetsi bw’i Bujumbura bwamye kandi bubandanya bukorera.
Umuvugizi w’umugambwe MSD, Epithace NSHIMIRIMANA arashima iyo ntambwe yaraye ishitsweko n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yo gushira ahabona amwe mu mabi ariko arakorerwa abarundi, naho muri MSD bamenyesha ko ayo matohoza atavuze vyose. N’aho biri uko, muri MSD baremera ibiri muri ico cegeranyo.

Umugambwe MSD usaba ko ONU itogarukira ku gukora icegeranyo gusa, ahubwo ko hofatwa n’izindi ngingo zishoboka gutabara Abarundi, zikagabanya ubwicanyi bukorwa mu Burundi.