Monday, September 26, 2022
HomeNewsSentare mpuzamakungu yatanguye amatohoza ku bwicanyi bukorwa mu Burundi

Sentare mpuzamakungu yatanguye amatohoza ku bwicanyi bukorwa mu Burundi

Umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda amenyesha ko kuva muri Ndamukiza 2015, yakwirikiraniye hafi ibiriko birabera mu Burundi kandi kenshi yateye akamo abo biraba bose kugira bareke kwishora mu bikorwa vy’ububisha.

Abagirizwa ivyaha mu Burundi barakebuwe na Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu, Fatou Bensouda akaba yabamenyesheje ko bashobora kuzobibazwa ku giti cabo.

Mu ntureka za poritike igihugu c’Uburundi kirimwo, abantu barenga 430 nibo bamaze kwicwa, abatari munsi y’3.400 barafashwe, naho Abarundi barenga 230.000 baromotse bahungira mu bihugu bibanyi.

Umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yavuze ko ibiro aserukira vyihweje ku makuru n’ivyegeranyo baronse ku bijanye n’ubwicanyi, ipfungwa, itotezwa, ifatwa ku nguvu n’irindi hohoterwa rishingiye ku gitsina hamwe no kunyuruzwa, akaba yaciye amenyesha ati : « Biribonekeza ko ivyo vyaha vyose CPI yemerewe kubukwirikirana. Kubera ivyo, nafashe icemezo co gutanguza itohoza ry’imfatakibanza ku vyabereye mu Burundi guhera muri Ndamukiza 2015. »

epa04220321 



</p>
<div class=

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...