Manassé NZOBONIMPA yerekanye amakenga yiwe ku ndongozi nshasha za CNARED

0

Manassé NZOBONIMPA yahoze ari umushingamateka wa CNDD FDD, imbere y’uko yiyonkora kuri uwo mugambwe, arashikiriza uko abona inzego nshasha zashinzwe, z’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA. Tubashikirije igice ca mbere c’ikiganiro ciwe, aho agira ati :

Abarundi benshi baraye baguye mu gahundwe bumvise ivyabaye muri CNARED aho zaraye zihinduye imirisho, hakimikwa Dr Yohani Minani na Busokoza Bernard habanje gukumira benshi n’uwahora arongoye urwo runani arimwo, Leonard Nyangoma.

Imikenyuro yabo tuyirabire muri kahise k’abo bagabo babiri ku makuba yashikiye abarundi mu 1993.

Bernard Busokoza (UPRONA) nta murundi atazi ko akekwa mu bihangange vyoba vyaragize uruhara mw’igandagurwa rya Melikiyoro Ndadaye, inkomoko y’amabi yakurikiranye abarundi.

sewr

Dr Minani Jean (FRODEBU) nawe akaba yagirizwa ko yoba ari mu bagumuye abanyagihugu ngo birwanire bongere bagarure demokarasi yarihejeje gucibwa umutwe!

Murumva ko hagati yabo hariho isano, nibutse abanyagihugu bariho mu 1996 ijambo ryavugwa cane ico gihe ryavuga riti “nkingira ikibaba nanje ngukingire ubuzima, abo bantu kuba ari soma mbike atawe vyotangaza.

Tugarutse kuri Nkurunziza ariko aramara abantu, kuba bashobora kwumvikana nabo bagabo babiri birumvikana cane rwose, bose umwe wese abwira uwundi ati “bikore ndabikore, bivuge ndabivuge, hako dupfa twese canke hako twese twagirwa namakosa twakoze, ni muze twumvikane, vyose bibe akamizwe n’ingoma!!!

Ivyo ntimwibagire ko abarundi bahuye n’ingorane zitagira urugero mu gihe ca partenariat (gusangira kwabo ba Frodebu na Uprona) ico vyahaye abarundi murabizi kandi mwese munyotewe amahoro ntimuvyibagire, mwibuke wa mugani abakurambere baca ngo ” UWAWE URAMUBAZA KO YATUNZE NTUZOMUBAZE KO YATAYE INGESO!”

KUKI NYANGOMA LEONARD, ABAGIZE UMUGAMBWE UPD, UMUKURU WA CNDD-FDD UHARANIRA IKURIKIZWA RY’AMATEGEKO, HON HUSSEIN RADJABU N’ABANDI BIGIJWE KURE CANE?

Twibukanye kahise gatoyi, abo bose mvuze haruguru ni bamwe mu bafashe umuheto kugira haboneke Demokarasi mu gihugu biciye mu kurwanya ivyatuma hama induru n’ubwicanyi buhagaze ku bwoko mu myaka yinyuma y’ukwikukira,bakaba baharanira ko aho kuba igisoda c’ubwoko bumwe, mbere n’intara imwe, ko ico gisoda coba ic’igihugu na beneco biciye mu gusangira igikorwa co gucungera umutekano w’abanyagihugu bose aho gucungera umutekano w’akarwi kamwe kandi gatoyi, nkuko Nkurunziza yabigarukanye kandi vyariko biragabanuka.
Demokarasi n’intwaro nziza bikarangwa mu Burundi, abanyagihugu bagatwarwa n’abo bitoreye biciye mu mahiganwa y’imigambwe myinshi.

Koko ubu tuvugishije ukuri, abo bagabo uko ari batatu : Dr Minani Yohani, Busokoza Bernard, Nkurunziza Peter, ubu abarundi bohendwa ngo nibo bazogarura amahoro, umutekano no gusubiza hamwe intwaramiheto n’igiporisi vy’Uburundi?

Mbega murabo bagabo batatu, ninde muribo azobwira inzego z’umutekano ngo hagarika kwicana?