RWASA Agathon yashize ahabona umugambi w’ukumwica uriko urategurwa

0

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi RWASA Agathon amenyesha ko umutekano wiwe utifashe neza, akavuga ko afise ibimenyetso bimwereka ko hari abantu bamaze iminsi bategura kumuhungabaniriza umutekano. RWASA Agathon amenyesha ko abariko bategura kumwica babifadikanije n’abandi bantu bajejwe amabanga akomeye mu gihugu c’Uburundi.

Nk’uko yabimenyesheje ubwiwe, yavuze ko ubwa mbere hari amakuru yavugwa ko ashobora kwicwa, rimwe na rimwe akayafata minenerwe, ariko agasigura ko iyo ayo makuru amaze iminsi myishi, n’ibimenyetso bimwe bimwe bikaboneka, atacobuza ko haboneka ko harimwo ukuri, ari naco gituma avuga ko atoguma asamara.

N’aho atavuze amazina y’abategetsi b’Uburundi bakomeye yagiriza ko bari mubariko bategura uwo mugambi w’ukumugandagura, avuga ko hari abantu bamwe bamwe babona ko bibereye ko hokwamaho ibihe vy’akajagari.

mpo

Mu bimenyetso avuga bimwereka ko uwo mugambi w’ukumugandagura uhari, RWASA Agathon avuga nk’imodoka zigendagenda mu gisagara, zifise ivyangombwa biteye amakenga, kandi zigahindagura amaparati ndangamuduga yazo (plaques) incuro nyinshi ku munsi, akavuga ko hari n’izigenda zitagira ibiziranga.

RWASA Agathon agatanga akarorero ko ku munsi wa gatanu avuye mu rugendo, ko hari imodoka zibiri yo mu bwoko bwa Probox ziriwe ziragendagenda mu gisagara ca Bujumbura zifise ibiziranga vyo hanze y’igihugu c’Uburundi, akavuga ko bitumvikana ingene imiduga nk’iyo yokwirirwa iratembera mu gisagara, ababijejwe ukamenga ntavyo babona, agatangazwa kandi n’uko iyo miduga ica imbere y’abaporisi bajejwe uruja n’uruza, ariko ntihagire igikorwa.