Umunsi mukuru w’umuziki wahimbajwe mu Burundi

0

Kw’igenekerezo rya 21/6 uko umwaka utashe kw’isi yose barahimbaza umunsi mukuru wahariwe umuziki,nongaha iwacu uyo munsi mukuru abaririmvyi bashoboye kuwuhimbaza,bakaba bawuhimbarije mu bigo vya Down Town aho ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru vyari vyateguwe n’umumenyeshamakuru ajejwe guteza imbere umuziki ndundi,asanzwe akorera ku nsamirizi ya Buja Fm,umumenyeshamakuru Patrick Pajio Niyonkuru
umunsi mukuru w'umuziki

Nkuko rero twashoboye kuvyibonera,abaririmvyi atari bake b’abarundi bari bashoboye kwitaba ako kamo batewe nuyo mumenyeshamakuru kugira bahimbaze uwo munsi.
Abashoboye kuririmba ni:
1.Paouson Buramatari
2.B.Face
3.Alvin Smith
4.Orchestre Ntahangwa River Sound
5.Peace and Love
6.Chris and Junior
7.Dauphin Dan Colar
8.Strogof
9.Franck G80
10.Magic Soldier
11.Wawa Vj Man
12.Akes Don Professer
13.AmiLove
14.MasterLand
15.Yves Kolly The Magic
16.Diaspora Band from Congo R.D.C
17.Cypro Light
18.Thity Love
19.Cédric Bangy n’abandi benshi tutarinze kudondagura hano,
Abamenyeshamakuru,abahinyanyuzi b’umuziki hamwe n’abakunzi b’umuziki nabo bari bahishikiye kugira bashobore kwifadiikanya nabo kuri uyo munsi mukuru wabo
abamenyeshamakuru nabo bagiye guhimbaza umunsi mukuru w'umuziki

Tworangiza tubamenyeshako abaraho bose baryohewe cane ndetse bagashimira na Patrick Pajio Niyonkuru kubona yariyumviriye gukorana abaririmvyi hama bagashobora guhimbaza umunsi mukuru w’umuziki