Imbere y’iminsi 3 urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu rube,Vitalo’o fc washitse amahoro mu Rutana

0

Umugwi wa Vitalo fc washitse amahoro mu ntara ya Rutana aho bagiye gukina urukino ra nyuma rw’igikombe c’umukuru ‘igihugu ruzoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25/6/2016
vitalo yashitse amahoro mu rutana
Vitalo ukaba wafashe urugendo mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu ugana intara ya Rutana aho bagiye kumara iminsi igera kuri 3 bitegura,bitegurira urwo rukino rwa nyuma ruzobahuza n’umugwi wa Messager Ngozi,umugwi watahukanye ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru,ihiganwa rya primus ligue.
Nkuko rero amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha umwe mu bakinyi bakomeye cane b’uyo mugwi wa vitalo avugako bagiye kare kugira bitegurire ku kibuga bazoshobora gukinirako,kugira bashobore ku kimenyera,bamenyere n’ikirere co mu ntara ya Rutana,
umugwi wa vitalo akaba ariwo wari watahanye igikombe c’iryo higanwa mu mwaka uheze utsinze umugwi wa Atletico olympique
vitalo
Tworangiza tubamenyesha ko umugwi wa vitalo umenyerezwa n’umumenyerezwa mushasha ava mu gihugu c’ubudagi,umumenyerezwa yitwa Michael