RWASA Agathon yabeshuje Alain Guillaume BUNYONI mu nama nshingamateka

0

Mu gihe umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi, Commissaire de Police Chef Alain Guillaume BUNYONI yariko abwira abashingamateka ko ata muntu n’umwe afatwa n’igiporisi c’Uburundi akaburirwa irengero canke agatorwa ikiziga, Agathon Rwasa yamubeshuje, umuha uturorero tw’abantu azi wenyene bafashwe n’abaporisi b’Uburundi, arabatabariza, ariko gushika ubu bakaba baraburiwe irengero.

Mu nama nshingamateka y’Uburundi, kuri uwu wa kane, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yabwiye abashingamateka ko ari ububeshi ata bantu bicwa canke baburirwa irengero bari bafashwe n’abaporisi. Kubwa Alain Guillaume BUNYONI, abo bantu baba banyurujwe n’abagizi ba nabi biyambika impuzu z’igiporisi, kugira bateze urubwa urwo rwego.

llau

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, umushingamateka RWASA Agathon yabeshuje Alain Guillaume BUNYONI, yatanze akarorero k’abantu azi bafashwe n’abaporisi izuba riva, haraheze ukwezi, ariko gushika n’ubu akaba atawurasubira kubakubita ijisho, kandi yarabimenyesheje inzego zijejwe umutekano.
Rwasa Agathon yagarutse kandi ku kandi karorero k’abantu bane azi bakuwe mu modoka mu kwezi kwa Munyonyo 2015 bageze i Bugarama, bashirwa mu yindi, hama bazanwa i Bujumbura bapfungirwa ahitwa IWABO W’ABANTU, mu rugo rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi.
Rwasa Agathon avuga ko naho nyene yatabaje abo mu rwego rw’igendereza hamwe n’igiporisi, ariko akavuga ko gushika n’ubu abo bantu baburiwe irengero.

aga

Rwasa Agathon yibukije Alain Guillaume BUNYONI avyo yari amaze kumushikiriza vy’imiduga igenda itagira inomero ziyiranga, Rwasa Agathon akanegura ko naho Alain Guillaume BUNYONI yari yemeye gutora umuti w’ico kibazo, n’ubu iyo miduga icibonekeza, hakaba n’imiduga iguma ihindagura ibiyiranga, igakoreshwa n’abajejwe umutekano n’igendereza. Rwasa Agathon yamusavye kwitondera ico kibazo.

Mu bashikiranganji batatu bari batumiwe mu nama nshingamateka kwishura ku bibazo vy’abashingamateka, harimwo Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’umutekano. Abashingamateka bamubajije ico agiye gukora kugira ingendo y’abasirikare barondera gusenyura ubutegetsi iranduranwe n’imizi.
Umushikiranganji Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe ukwivuna abansi yasiguye ko Reta itegekanya guhana bikomeye abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu.
Mu bihano bikomeye yamenyesheje ko vyohabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka ko harimwo igihano c’ugupfa, akavuga mbere ko hari n’umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho ku bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi abanyagihugu bashizeho.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi yamenyesheje ko n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi nabo nyene bazoba bakwiye kwicwa, akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.