Natacha Ngendabanka agiye guhabwa agashimwe n’umugwi wa Vitalo’o fc

0

Natacha Ngendabanka n’umwe mu baririmvyi b’abarundikazi bariko barakora uko bishoboka kwose ngo umuziki w’uburundi ushobore gutera imbere mu makungu, agiye guhabwa agashimwe n’umugwi wa vitalo,umugwi usanzwe urongowe na Benjamin Bikorimana kuko umwaka wa 2015 yashoboye kuririmba indirimbo z’amahoro,indirimbo zahuje abarundi benshi
natacha n'abakinyi ba vitalo
Nyuma yo kumva ko Natacha agiye guhabwa agashimwe nuyo mugwi,ikinyamakuru cacu ubmnews caramwegereye kiramubaza ingene yiyumva kubona mu baririmvyi bose b’abarundi ariwe yatowe ko yohabwa agashimwe nuyo mugwi wa vitalo,Natacha akaba yatwishuye ati:Nkikivyumva narayohewe cane kuko biraryoshe iyo ukora abantu bakabona ko ukora hama bakagushimira
natacha yifotoza n'abakinyi ba vitalo
Tworangiza tubamenyesha ko ako gashimwe Natacha azogahabwa kw’igenekerezo rya 28/2/2015 ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore aho umugwi wa Vitalo uzoba uriko ukinira urukino rwo gusubiriza ruzobahuza n’umugwi wa Liorri wo mu gihugu ca Lesotho