Ubumwe bwa bulayi bwatangaje ko bugiye gufatira ibihano bikomeye abategetsi 9 b’urwanda kubera uruhara rw’urwanda mu ntambara ya Kongo.
Hagati aho European Union yahagaritse ibiganiro vya politike mu bibazo bijanye n’umutekano no kwivuna abansi bafitaniye n’urwanda!

kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2025 inama ihuza abashikiranganji b’imigenderanire bagize ibihugu vya Bulayi yarakoranye i Brusseles mu bubiligi aho yagarutse cane ku ntambara iri kubera mu buseruko bwa kongo.
Muri iyo nama abashikirangi 27 b’imigenderanire b’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulayi bahurije hamwe basaba ko hakwiye ibihano bikomeye ku rwanda kubera uruhare rukomeje kwerekana mu ntambara ya Kongo mu gushigikira umuhari M23.
Nta misi iheze Ubumwe bwa Bulayi busavye urwanda gukura ingabo zarwo muri kongo no guhagarika gufasha umuhari M23.
Ubumwe bwa bulayi bukaba bwafashe ingingo yo guhagarika ibiganiro vya politike bari bafitaniye n’urwanda mu bijanye n’umutekano no kwivuna abansi.
Ubumwe bwa bulayi bumenyesha kandi ko hari abategetsi b’urwanda 9 bagiye gufatirwa ibihano bikomeye vuba harimwo gufatirwa amatungo yabo no kwankirwa kugirira ingendo zabo mu bihugu vya Bulayi ariko nkuko bitangazwa n’ubumwe bwa Bulayi,ibi bihano bizofatwa mu gihe inama y’abashikiranganji b’imigenderanire bagize ibihugu vya SADEC na EAC izoba kuwa 28 Ruhuhuma ataco yovamwo.
Amerika yo iherutse gufatira ibihano Gen James kabarebe ajejwe ibibazo vyo mu karere mu bushikirangaji bw’imigenderanire y’urwanda hamwe na Lawrence Kanyuka avugira umuhari M23 kuruhare bakomeje kugira inyuma y’ifatwa ry’igisagara ca Goma na Bukavu.
Urwanda rwagiye rushirwa muma raporo menshi mpuzamakungu kuba rufise ingabo zingana 4000 muri kongo gufasha umuhari M23 urwanya ubutegetsi bwa kongo ariko urwanda rukitwaza ko rwagiye guhiga interahamwe za FDLR zakoze ihonyabwo mu rwanda 1994.





Recent Comments