UBM News ads

Akamaramaza:amalitiro miliyoni 31 z’igitoro zaranyurujwe na Sopebu-Prezida Eavariste Ndayishimiye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye arababajwe cane n’ishirahamwe SOPEBU asanze ryanyuruje amalitiro miliyoni 19 z’igitoro co mu bwoko bwa mazout na 12 za essence.

Mu mwiherero watanguye kuri uyu wa gatanu wo kurabira hamwe ingene igiturire coranduranwa n’imizi mu gihugu,Prezida Evariste Ndayishimiye yakomeje kuvuga ko igihugu cugarijwe n’ibiturire no kunyonyeza amatungo ya Leta bikabije.

Mu gusonzera uwo mwiherero kuri uyu wa gatandatu,Prezida Evariste yatangajwe cane n’inyifato y’ishirahamwe SOPEBU yari ijejwe kuzana igitoro no kukidandaza aho basanze yaranyuruje ama litiro angana na miliyoni 31z’igitoro cofashije uburundi n’iburiburi amazi 4

Muri izi litiro 31 harimwo ama litiro angana n’imiliyoni 19 z’igitoro co mu bwoko bwa mazout n’amalitiro imiliyoni 12 z’igitoro co mu bwoko bwa Essence.

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko buno buryo bw’igitoro pass bwari buje gukemura ikibazo c’igitoro ariko asanze vyose ari ubusa.

Nta misi iheze Prezida Evariste Ndayishimiye abogoje uwurongoye ishirahamwe SOBEBU

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments