UBM News ads

DRC:Kongo iramutswa abahuza bashasha

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

EAC-SADEC igenye Uhuru kenyatta yabaye prezida wa kenya,Olusegun Obasanjo yahoze atwara Nigeriya na Desalegn Boshe yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Ethiopiya kuba abahuza ba kongo no gukomeza inzira y’ibiganiro vy’i Nairobi na Luanda mu gukemura ibibazo vy’umutekano muke biri mu buseruko bwa kongo.

Prezida wa kenya william Ruto akaba arongoye EAC na prezida wa Zambabwe Emmerson Mnangagwa arongoye SADEC baraye bagenye abahuza bashasha bagiye gusubirira umuhuza mu matati ya Kongo N’urwanda Prezida wa Angola Laurenço aherutse kugenwa mu mabanga yo kuyobora ubumwe bw’Afrika.

Abagenywe ni Uhuru kenyatta yahoze atwara Kenya,Olusegun Obasanjo yahoze atwara igihugu ca Nigeriya na Halilemarian yahoze ari umushikiranji wa Mbere wa Ethiopia.

Ikibazo c’umutekano muke wa kongo catumye kuri uyu wa 8 ruhuhuma 2025 abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC na SADEC bakorana kugira haboneke umuti urama aho banzuye ko intambara zitegerezwa guhagarara maze ibiganiro vy’i Luanda n’i Nairobi bikabandanya.

Hagati aho abakuru b’ingabo zo kwivuna abanshi nabo bamaze imisi muma nama kugira bige uko ingingo zasabwe na EAC-SADEC zoshirwa mu ngiro.

bitegekanijwe kandi ko inama y’abashikiranganji b’ibimigenderanire b’ibihugu bigize umuryango wa EAC NA SADEC nabo bazokorana kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2025.

ibi biri uko mu gihe umuhari M23 ubandanya gufata uburere bwinshi inyuma y’ifatwa rya Goma na Bukavu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments