Isanamu ya NKURUNZIZA yatumye abanyeshure 230 birukanwa kw’ishure

0

Abanyeshure 230 bo kw’ishure ryisumbuye rya Gahinga mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw’igihugu birukanywe igihe hariko haraba amatohoza ku basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu mu bitabo bigiramwo.

Hasanzwe harashingishijwe urubanza ku banyeshure 11 bo mu yindi ntara yo hagati mu gihugu bagirijwe icaha co gutuka w’igihugu, inyuma yo gusibanganya isanamu yiwe mu bitabo bakoresha.

Abanyeshure 234 bo kw’ishure rya Gahinga muri commune Gisuru mu ntara ya Ruyigi kuri uyu wa kabiri ntibatonze kw’ishure.

Abategetsi b’ishure bababwiye ko boguma iwabo, mu gihe bariko barakora amatohoza kugira bamenye abasibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu mu bitabo 27 basanzwe bakoresha. Abo banyeshure n’abo mu mashure ane y’imyaka y’umunani n’icenda.

gri

Kubw’umukuru w’ubuyobozi bw’amashure aho mu Ruyigi, Guillaume Kwizera, ku munsi wa mbere bamaze kubona ko isanamu ya Petero NKURUNZIZA yasibanganijwe, abanyeshure bahejeje gukora ikibazo ca mbere basabwe kwandika mw’ibanga abo bibaza ko babikoze.

Uwo muyobozi yavuze ko aho baboneye ko bose ata n’umwe ashatse kubikora baciye babirukana kugira amatohoza akorwe n’ubu akaba akibandanya kugira banamenye ryari vyakozwe n’imvo yabitumye.

Ishure rya Gahinga ribaye irya gatatu rivuzweko ivyo gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu. Aho vyahereye mu mpera z’ukwa gatanu ni mu Ruziba mu bumanamuko bwa Bujumbura.

Ata n’iminsi ihaciye vyavuzwe kw’ishure rya komine Muramvya, kuri iryo shure abanyeshure 11 bakaba bari imbere y’ubutungane, 5 muri bo baburana bapfunzwe mu rubanza bagirizwamwo icaha co gutuka umukuru w’igihugu gihanishwa umunyororo wo kuva ku myaka itanu gushika ku mwaka 10.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza ya mbere bagize abereka ko hari imvo za poritike ziri inyuma y’iyo nyifato imaze iminsi yibonekeza mu banyeshure bo ku mashure atandukanye.