Monday, September 26, 2022
HomeNewsRumonge : Abasuma basahuye imoteri zine z'ubwato bwo kuroba

Rumonge : Abasuma basahuye imoteri zine z’ubwato bwo kuroba

Imoteri zine z’ubwoto bw’abarovyi bo mu kiyaga Tanganyika ku ruhande rwo mu Kagongo zibwe n’abasuma bitwaje inkoho batamenyekanye. Abo basuma bivye kandi ibateri 3 z’izo moteri, terefone ngendanwa 10 hamwe n’amaritiro 40 y’igitoro.

Abivye izo moteri ni abantu batatu bari bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa Kalachnikov batashoboye kumenyekana.
Abasirikare bajejwe umutekano mu kiyaga Tanganyika barihutiye gutabara, ariko bakaba bahashitse abo bantu bamaze gukamangana.
Izo moteri zine zibwe zikwije izigera kuri 19 zimaze kwibwa, mu kiringo c’amezi atatu gusa.

lili

Mu gihe bivugwa ko abo basuma bazanana mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, abarovyi bo mu kiyaga Tanganyika basaba abajejwe umutekano ku ruhande rw’Uburundi ko boza barakorana n’abajejwe umutekano ku ruhande rwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira abo basuma batuzwe.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...