CNARED yamaze kwiyamiriza iciyumviro c’umuhuza Benjamin William MKAPA

0

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamaze kumenyesha ko udashigikiye iciyumviro c’umuhuza mu bibazo vy’Abarundi, William Benjamin Mkapa, aho yoba ashaka ko hashirwaho Reta y’ubumwe irimwo bose, ariko irongowe na Petero NKURUNZIZA. Aho ni mu gihe hategekanijwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 8 Nyakanga 2016 inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Mu bizokwigirwa muri iyo nama, harimwo n’ikibazo c’Uburundi.

cc

Amakuru abandanya kuvugwa ariko ataremezwa n’umuhuza mu bibazo vy’Abarundi, Benjamin Wiliam Mkapa, n’uko yoba ashaka gushikiriza abakuru bibihugu ba Afrika y’ubuseruko umugambi wo gushinga Reta irimwo bose kugira ikibazo co mu Burundi gitorerwe umuti.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bamaze kuvyamirira kure, CNARED ikamenyesha ko itorota na rimwe ija muri iyo Reta hamwe Petero NKURUNZIZA ariwe ayirongoye. Muri CNARED bavuga ko kuja muri iyo Reta kwoba ari ugushigikira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ndetse no gupfukapfuka amabi yose yakozwe n’ubutegetsi kuva mu mwaka uheze.