Ibiziga vy’Abarundi babiri barashwe n’abasirikare b’Urwanda vyatahukanwe mu Burundi

0

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko ibiziga bibiri vy’Abarundi barashwe n’abasirikare b’Urwanda vyashikirijwe abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’uburundi amenyesha ko ko ivyo biziga bibiri vyashikanwe ku Ruhwa kuri uwu wa gatanu, bishikirizwa abajejwe intwaro. Vyaje biherekejwe n’icegera c’umukuru w’igisagara ca Kigali.

stand

Abantu babiri b’Abarundi bari bashoye intore mu mpisho mu gihugu c’Urwanda bishwe barashwe n’abasirikare b’Urwanda mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. Abandi indwi bari kumwe nabo barashoboye guhunga.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yari yamenyesheje ko ibiziga vy’abo Barundi babiri bishwe, hamwe n’imifuko y’intore bari bafise, vyose vyaciye bijanwa n’abo basirikare b’Urwanda.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yashikirije ko abo Barundi bari bajabutse umupaka baja kudandaza intore mu kinyegero mu Rwanda ari icenda bose hamwe, bakaba bajabutse urubibe Uburundi buhana n’Urwanda nk’igihe c’isaha icenda n’iminota 40 z’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu. Bageze aho bita Ku Ruhwa, abo bantu bahagaritswe n’igirikare c’Urwanda, abo basirikare baca barabarasa, bane muribo bariruka bagaruka mu Burundi, hasigarayo batanu, muri abo batanu igirikare c’Urwanda carashemwo uwundi muntu agira kabiri, abasigaye nabo nyene bariruka.

Abo bishwe n’igisirikare c’Urwanda ni NIYONKURU Fidèle w’imyaka 25 hamwe n’uwitwa NYABENDA Jérémie w’imyaka 23 bose bavuka ku musozi muri zone ya Rugombo, intara ya Cibitoke, nk’uko vyemezwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.