Rumonge : Abantu batatu barimwo babiri bahoze mu gisirikare bishwe

0

Abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana bateye mu bunywero buri muri komine Burambi, intara ya Rumonge, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, bica abantu batatu, bakomeretsa umwana umwe ariko avurirwa ku bitaro vyo mu Rumonge.

Muri abo batatu bagandaguwe, babiri muribo ni abahoze mu gisirikare (Ex FAB) aribo Rémy Nsengiyumva hamwe na Emmanuel Ndekatubane, bakaba bari abakukuruke. Uwugira gatatu yagandaguwe ni nyene ubwo bunywero.

Nk’uko bishikirizwa n’umwe mubacitse kw’icumu muri ico gitero, abo bantu bitwaje ibirwanisho bari bane, bakaba bari bambaye impuzu z’igiporisi c’Uburundi. Uwo yacitse kw’icumu avuga ko abo bitwaje ibirwasho bashitse muri ubwo bunywero nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro, bavuga bati : «Reka dukore ivyatuzanye», baca barasa abo bantu bari muri ubwo bunywero.

Ku makenga y’abanyagihugu bo muri komine Burambi bavuga ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’abaporisi, mu giporisi mu ntara ya Rumonge basigura ko abambaye umwambaro w’igiporisi bose ataba ari abaporisi, ko hari n’abagizi ba nabi bawambara kugira bacapfuze urwo rwego. Mu giporisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

pena

Abo bantu batatu bagandaguwe aho muri komine Burambi, intara ya Bururi bagize batandatu bishwe mu kiringo c’amezi adashika atatu, mu bitero bikorwa n’abantu gushika ubu batamenyekana