Ait Abdelmalek yoba atazosubira kumenyereza Intamba Mu Rugamba?

0

Umumenyereza wa mbere w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu Rugamba ariwe Ait Abdelmalek yoba atazosubira kumenyereza uyo mugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba Mu Rugamba

Nkuko rero amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha bamwe mu begereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu burundi FFB avugako uyo mumenyereza atazosubira kumenyereza uyo mugwi ahubwo ugiye kuca umenyerezwa n’uwahora ari icegera ciwe ariwe Olivier Niyungeko akazoca aba umumenyereza wa mbere hama uwuzoca aba icegera ciwe akazoca aba uwahora ari umumenyereza w’abanyegori ariwe Vladmir Niyonkuru
ait

abdelmalek
Nyuma rero yo kwumva iyo nkuru,ikinyamakuru cacu kikaba cegereye abakunzi b’umupira w’amaguru mu burundi kugira bagire ico bavuze ku bijanye nuko kutakigaruka k’umumenyereza mu mugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu Rugamba,bose abo twayaze rero bakaba bashoboye kugaragaza umunezero wabo aho bavuze ko baryohewe cane kuko ngo uyo mumenyereza yari mu bantu bahora batuma umugwi nserukira gihugu utakaza inkino warumaze iminsi ukina

Tworangiza tubamenyesha ko ikintu uyo mumenyereza atazopfa yibagiweko muri uyo mugwi nserukira gihugu w’uburundi ni ukudatumako umukinyi Saido Ntibazonkiza