Intwazangabo y’Uburundi yafashwe igirwa imbohe

0

image

Lieutenant Alexis Irambona wo muri bataillon ya 412 asanzwe afise nomero matricule SS1889 niwe yanyurujwe n’abaryanyi ba FNL irongowe na Aloys NZABAMPEMA, mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Lieutenant Alexis Irambona, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi avuka muri komine Vugizo, intara ya Makamba, akaba yafashwe agirwa imbohe n’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZABAMPEMA mu gihe yariko aratembera mu Rukoko.

image

Amakuru ikinyamakuru UBM news gifise, n’uko n’abandi basirikare b’Uburundi babiri bishwe mu ngwano yabaye hagati y’abasirikare bakorera mu Rukoko hamwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.

Mu gisirikare c’Uburundi barahakana ko ata musirikare w’Uburundi yagizwe imbohe, bagahakana ko ata n’ingwano yabaye hagati y’abasirikare bakorera mu Rukoko n’abantu bitwaje ibirwanisho. Ariko naho babihakana, amatohoza y’ikinyamakuru UBM news arerekana ko uwafashwe akagirwa imbohe ari intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi, azwi kw’izina rya Lieutenant Alexis Irambona wo muri bataillon ya 412 asanzwe afise nomero matricule SS1889