Dieudonné MPAWENAYO yahitanwe na gerenade bateye aho akorera

0

Umunyagihugu azwi kw’izina rya Dieudonné Mpawenayo yahora aba ku musozi Campazi, muri komine Muruta, intara ya Kayanza, niwe yahitanwe na gerenade yatewe mu nzu y’ubudandaaji yakoreramwo.

Abanyagihugu baduhaye ayo makuru bamenyesheje ko abateye iyo gerenade batamenyekanye, ikaba yakomerekeje cane Dieudonné Mpawenayo yaciye ajanwa kwa muganga, mu nyuma agahava yitaba Imana. Abantu babiri akaba aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

kaya

Izindi gerenade zibiri zatewe imbere y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge (Hôpital Militaire de Kamenge) mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Igitigiri c’abakomeretse ntikiramenyekana.

Izo gerenade zibiri zatewe imodoka yo mu bwoko bwa Bus yunguruza abanyeshure ba ISCAM yari irenganye igeze aho ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, ariko akaba ata n’umwe yakomeretse muri abo banyeshure ba ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires).

Nk’uko bivugwa n’umwe mu banyagihugu bakorera hafi y’ahatewe izo gerenade, uwaziteye yari kw’ipikipiki, bamwe mu banyagihugu bariko bararengana akaba aribo bahakomerekeye. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, yamenyesheje ko abantu batatu aribo bakomerekejwe n’izo gerenade.