Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko amahoro mu Burundi akwiye

0

Reta y’Uburundi yongeye gushikiriza kumugaragaro ko idashigikiye ivyasabwe nakanama kajejewe umutekano ko horungikwa inteko mvamakungu ngo zize gukingira abanyagihugu mu Burundi, ivyo Leta ikaba yabivugiye mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika iriko ibera mu gihugu ca Ethiopie.

nyamitwe
Alain Aimé Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Abaserukiye Reta y’Uburundi bo bakaba babandanya gusigura ko amahoro mu Burundi akwiye bityo ngo nta mpamvu nimwe yotuma harungikwa izo nteko mvamakungu

UBM News tubibutse ko Alain Aimé Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje itangazamakuru ko Reta y’Uburundi ititeguriye kwakira izo nteko mvamakungu.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here