Reta yarahiye ko ata baporisi ba ONU bazohonyoza ikirenge mu Burundi

0

Reta y’Uburundi yamenyesheje ku mugaragaro ko yiyamirije abaporisi ba ONU bagera ku 228 bagiye kurungikwa mu Burundi, nk’uko vyemejwe n’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kubwa Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe ata mwumvikano ubaye hagati y’abagize inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Reta bakavuga kandi ko iyo ngingo yafashwe kandi yemezwa hatari bwagere, bakavuga ko iyo ngingo ifise ingaruka ku bwigenge n’ukwikukira kw’Uburundi.

Reta y’Uburundi ibicishije kuri Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wayo, ivuga ko ingingo yemejwe yisunze ikigabane ca gatandatu c’amasezerano agenga ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ibanza kwumvikanwako, ikongera ikemezwa n’igihugu yerekeye, ivyo navyo bikaba bitubahirijwe ku Burundi.

Kubw’ivyo, Reta y’Uburundi yiyamirije ingingo yose yoza itegekanya kuzana inzego mvamakungu ku gataka k’Uburundi, kuko kubwa Reta, intahe y’ukwikukira y’Uburundi yoba ihonyanzwe. Reta ivuga ko igihugu c’Uburundi gifise abajejwe umutekano bakwiye, kandi bashoboye akazi bajejwe.

Ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe ingingo yo kurungika mu Burundi abaporisi mpuzamakungu ba ONU bagera ku 228.

Nk’uko vyasabwe n’igihugu c’Ubufaransa, iyo ngingo y’ukurungika abaporisi mpuzamakungu mu Burundi yemejwe n’ibihugu cumi na kimwe, ku bihugu bine ataco vyavuze kuri iyo ngingo (abstentions) Ivyo bihugu atavyo vyavuze kuri iyo ngingo ni Ubushinwa, Angola, Egypte hamwe na Venezuela.

Abo baporisi mpuzamakungu bazorungikwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose, bakazoba bafise ikiringo c’umwaka umwe, ariko gishobora kwongererzwa mu gihe umutekano wobandanya gutituka. Bazokora n’abarorerezi mpuzamakungu basanzwe bari mu Burundi, hamwe n’abasirikare b’abahinga b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basanzwe bari mu Burundi.

Nk’uko iyo ngingo y’inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ibivuga, abo baporisi mpuzamakungu ba ONU bazoja gukurikirana ibijanye n’agateka ka muntu mu Burundi, hamwe n’ugufasha kugira ibiganiro bihuza Abarundi bigende neza.