Hussein Shabani Tchabalala yasinye mu mugwi w’amagaru wo mu Rwanda

0

Umunsatirizi w’umugwi wa Vitalo’o fc n’umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu Rugamba ariwe Hussein Shabani Tchabalala yamaze kugugwa n’umugwi n’umugwi wo mu gihugu c’urwanda w’amagaju
tchabalala asinya mu mugwi wiwe mushasha
Nyuma yigenda ryiwe,abarongoye umugwi wa vitalo’o fc bikaba vyabatangaje cane kwumva iyo nkuru ko umukinyi wabo yamaze gusinya mu mugwi wo mu cicaro ca mbere co mu gihugu c’urwanda,umugwi w’amagaju kuko ngo uyo mukinyi yaragifise amasezerano muri uyo mugwi wa Vitalo’o fc

Twobamenyesha ko abakinyi ba Vitalo’o fc muri kino gihe bariko baragenda cane mu bindi bihugu gukina bava muri uyo mugwi aho twoca tubabwira nk’abakinyi nka :
Laudit Mavugo yagiye kugeragezwa mu gihugu c’ubufaransa mu cicaro ca 2,Shassil Nahimana yagiye mu mugwi wa Rayon Sport naho bivugwa ko muri kino gihe abarizwa mu mugwi wa A.P.R fc,Ndikumana Yamin Selemani yagiye mu bihugu vyabarabu