Petero Nkurunziza : Turiteguriye kurwana nabasoda mvamakungu.

0

Petero NKURUNZIZA ngo azosaba aburundi bose bavire hasi rimwe bagwanye abasoda b’ubumwe bwa Africa mu gihe borungikwa i Burundi gukingira abanyagihugu, ngo kuko bazoba bateye Uburundi ndetse baje guhungabanya umutekano.

peter

Ivyo akaba yabishikirije kumusi wejo aho yariko arashikiriza ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015 aho yavuze ko ibwirizwa nshingiro ritomoye,mu kwerekana igihe abasirikare mpuzamakungu barekurirwa kwinjira mu gihugu.

Umukuru w’igihugu yavuze abasirikare mva makungu binjira mu gihugu mu bihe bitatu ivyo navyo akaba ari igihe igihugu conyene kibisavye,igihe mu gihugu ata Reta ihari canke mu gihe hari impande zishamiranye.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko mu Burundi ata numwe arasaba ko abo basirikare baza kandi ko Reta ihari yitorewe n’abanyagihugu,hakongerako ata mpande zishamiranye mu gihugu.

UBM News tubibutse ko inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika iheruka gushikiriza umugambi wo kurungika abasirikare 5000 mu Burundi kugirango bakingire abanyagihugu ikindi naco nuko Ivyo yabivuze mugihe Uburundi busanzwe bufise abasirikare benshi bagiye kugarukana amahoro n’umutekano mu bihugu bitandukanye.