Mbonimpa : Abantu barenga 1087 barishwe mu Burundi

0

Kubintu bimaze iminsi biba mu Burundi ndetse vyinshi murivyo akaba arivyo vyaranze uyu mwaka tugiye kurangiza wi 2015, umukuru wishirahamwe riharanira agateka kazina muntu APRODH ” Petero Karaveri Mbonimpa yashize ahabona ivyakoretse nyuma yaho abantu batari bake baviriye hasi rimwe bakaja mumyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

pierre_claver_mbonimpa

Kuva iyo myiyerekano itangura, ngo baragerageje kuza barakora amatohoza ndetse barondera abantu bose bahitanywe nico kiringo ca 3 Petero Nkurunziza ikindi naco nuko bakoze amatohoza yubwicanyi bwagahoberamunwa bwabaye kuva umwaka wi 2015 ugitangura kugeza nubu .

Kumwaka wose, ngo basanze abantu barenga 1087 barishwe, murabo bantu rero ngo 600 bishwe kuva itariki 26 gushika mumpera zukwezi kwa 12, abo rero 600 ngo bishwe bazira ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

Petero Karaveri Mbonimpa mukurangiza we asaba ababuze ababo bose kwihangana ndetse ntibatege amatwi abantu nacanecane abanyepolitike bashaka kwitwaza ikibazo camoko ngo nico kiriko kirahekura abavyeyi ahubwo ari ugushaka kugira bateranye abarundi.