Big Fizzo agiye kugaruka mu Burundi

0

Umuririmvyi w’umurundi Mugani Desire abenshi bazi kw’izina rya Big Fizzo agiye kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha bagenzi bacu babamenyeshamakuru bajejwe guteza imbere umuziki ndundi
fizzo
Nkuko rero ayo makuru dufise abivuga avugako uyo muririmvyi agiye kugaruka aje mu mahiganwa ya Primusic bivugwako azotangura muri kuno kwezi kwa Mukakaro,uyo muririmvyi bakavugako azoza nyuma yo guheza ibiteramo ariko arakora mu bihugu vya burayi,
Big Fizzo akazoba agarutse mu gihugu ciwe nyuma yaho hari hamaze iminsi hari inkuru ivugako uyo muririmvyi yitavye Imana,inkuru yashoboye gutera ubwoba abakunzi b’umuziki ndundi,inkuru yavuzweko vyinshi nubu ukuri nyagwo kutaramenyekana kuri iyo nkuru,kakazoba ari akaryo keza ko kumubaza ico yoba azi neza kubijanye niyo nkuru

Tworangiza tubamenyesha ko Big Fizzo azoshobora kuza kw’igenekerezo rya 25 z’uku kwezi atagihindutse