Paul Kagame yavuye mugacerere yishura kuvyo yagirizwa n’Uburundi

0

Mu gihe Urwanda rubandanya kwagirizwa kwinjiza no kwigisha mu bagwanyi impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda, mu ntumbero yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, ico gihugu kibandanya kwiyamiriza ivyo cagirizwa.

Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME yakebuye Reta y’Uburundi, avuga ko ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bukwiye kurondera umuti w’ikibazo aho kiri, bukareka kubandanya gutanga ivyagirije bitagira ishingiro.

yewe

Mu butumwa yacishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yagarutse ku bibandanya kubera mu Burundi, avuga ko nk’umunyafrika, cane cane umunyarwanda, ababazwa no kuba abantu batigira kuri kahise hamwe n’ibimenyetso bihari.

« Buri munsi abantu baricwa mu buryo budasobanutse, ni gute igisubizo nyacyo cyaha kwihunza ibintu ? »

Yongeye agira ati : « Nta bushotoranyi na buto ku Rwanda buzatuma rujya muri ibi… nta n’igisubizo na kimwe kizabuvamo. Uwo ariwe wese wagiriye inama cyangwa wafashije abayobozi b’u Burundi muri ibi, nubwo yaba ari kure yongereye ibibazo. Ndibaza nti kubera iki ? »

Muri ubwo butumwa yacishije kuri Twitter, umukuru w’igihugu Paul KAGAME yarangije agira ati : « Nk’ibisanzwe, ubwo bizaba bimaze kugaragara ko ibyangiritse ari byinshi, ibibazo bizaba impamvu nta nshingano zo kurinda zafashwe, igisubizo kizaba ‘ntitwabimenye’, n’uko FDLR iri mu Burundi igisubizo kizaba ‘ntitwabimenye’ bikomeze bityo kandi ubuzima bukomeze kuhatikirira aho kuvuga ngo ntibizongere kubaho ukundi. »

tek1

tek2

tek3