Pascal NYABENDA ashobora gutakaza ubutegetsi afise : Impamvu zitanu z’ivyo yagirizwa

0

Inama kaminuza y’Umugambwe CNDD FDD irategekanijwe ku magenekerezo ya 17 na 18 Ruheshi 2016 aho abagumyabanga isinzi bazohurira mu ngoro y’amakoraniro y’uwo mugambwe nyene CNDD FDD mu Ngagara. Muri iryo koraniro, haravugwa isubirizwa rya Nyabenda Pascal mu kibanza c’umukuru w’Umugambwe, aho binuganugwa ko no munama nshingamateka agiye kuzoca asubirizwa mu kibanza c’uwuyirongoye.

Haravugwa vyinshi ku bijanye n’intumbero y’iyo nama y’umugambwe CNDD FDD aho ivyo bagiriza Pascal Nyabenda arongoye uwo mugambwe ari vyinshi, akaba ari navyo yoba agiye kuzira. Bimwe murivyo akaba aribi bikurikira :

1. Pascal Nyabenda yoba yagirizwa n’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza ko ashaka kumusubirira. Ivyo Nkurunziza akavyikeka kubera ko ibihe agezemwo bitoroshe kubera ibiganiro bigiye guhuza abarundi rero bikaba bigiye kuba Pascal Nyabenda atagishinzwe amabanga yo kurongora uwo mugambwe CNDD FDD ,hama Nkurunziza ashireho uwo yibaza ko azomushigikira. Ibiganiro bigiye kubera i Arusha bivugwa ko Nkurunziza ashobora kuremerwa, maze akemera gukinjura ataco arinze gusaba, bikavugwa rero ko Nkurunziza azoca asaba uwutwara inama nshingamateka abe ariwe atwara intwaro mfatakibanza gutyo uwo agiye gusubirira Nyabenda azobashe kuba ari uwumuyoboka.

2. Pascal Nyabenda yagirizwa kandi ko ataco ashikiriza, mu gihe Abagumyabanga ba CNDD FDD baba bari mu nama y’abitwa inararibonye muri uwo mugambwe, Pascal Nyabenda akaba atigera yerekana aho ahagaze, maze abagumyabanga bikabatera amakenga.

3. Pascal Nyabenda yoba yagirizwa kandi kuba atigeze aja ku rugamba, ariko akaba ari imbere mu bibanza bikomeye vy’ubutegetsi. Abagumyabanga ba CNDD FDD bahoze ku rugamba barahiye bararengwa ko ata munyagihigu atazi ukuntu urugamba rwagenze agiye gusubira kubaja imbere, kuko ku bwabo, mwene abo bantu ntibamenya n’ukuntu ubutegetsi bugabanganwa.

nyabe

4. Pascal Nyabenda yagirizwa kandi gutanga ubutegetsi ku bagumyabanga baturuka i Bubanza iyo asanzwe avuka hamwe na Cibitoke. Abandi bagumyabanga baturuka mu ntara za Gitega, Ngozi n’ahandi agashavu karaniga aho bimaze kwibonekeza ko abari mu nzego nkuru z’Igihugu benshi baturuka mu ntara za Bubanza na Cibitoke gusa. Iryo vangura Pascal Nyabenda akorera abandi bagumyabanga rikaba ariryo rituma haba abamugwanya benshi. Kuba agwanywa na benshi rero bikaba bigiye gutuma uwo mukuru w’umugambwe agira abamushigikira bake muri iryo koraniro kaminuza ryimirije.

5. Nyabenda Pascal yagirizwa kandi ko yigungirako, uwo arongoye umugambwe CNDD FDD akaba afise amabanga abiri mu gihugu akomakomeye, ariko ivyo bigatuma abandi bagumyabanga babona ko yigungirako. Ku bwabo, nta kuntu umuntu umwe yofata ibiti vyose, hama agaheza akabikora neza. Abagumyabanga batari bake bakaba bamusaba rero gukinjura muri kimwe ariko akavyanka.

Ivyo n’aho biri uko, bivugwa ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gushika n’ubu atararonka umugumyabanga yokwizera ashobora gusubirira Nyabenda Pascal mu kibanza c’umukuru w’umugambwe.

Mu makuru yacu yo hanyuma, tuzobamenyesha ku bijanye n’umugumyabanga ashobora guhabwa ubukuru bw’umugambwe hamwe n’uwushobora guzohabwa ikibanza c’umukuru w’inama nshingamateka.