Dj Israel ariyamiriza abamushira mu biteramo batabivuganye

0

Ntwari Israel abenshi bazi kw’izina rya Dj Israel ariyamiriza abamaze iminsi bakoresha izina ryiwe mu kumushira kubiranga ibiteramo vyabo(affiche) bakavuga ko azoba abirimwo ari ububeshi kugira bironkere abantu benshi bivanye nuko akundwa cane iyo ari mu kintu abantu bategerezwa kucitaba ari benshi cane
dj israel ariyamiriza abamushira kuri affiche batavuganye
Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,uyo mu Dj akaba yamenyesheje ko yidogera cane abantu bamushira ku biranga ibiteramo vyabo batabanje kumugirisha Inama ngo babivuganeko,Dj Israel akavuga ati birababaje kubona hari abantu bashaka gukoresha izina ryanje mu bubeshi kuko biratuma izina ryanje rikoroka kuko hari abantu baza baje kuraba jewe kuko baba banshize ku biranga ibiteramo vyabo rero baje bakambura bica bituma banyiyumvira uko ntari,Dj israel akaba yabandanije atubwira ko nkubu baherutse ku mushira mu giteramo kizobera kuri saga vodo beach kw’igenekerzo rya 17 na 24 zuku kwezi kwa gatandatu kandi batabivuganye,Israel akabwira abakunzi biwe ko atazoba ahari ahubwo ari ububeshi

Tworangiza tubamenyesha ko Dj Israel ariwe mu Dj akundwa cane hano mu gihugu c’uburundi