Kolly The Magic:Gukorana indirimbo na Gisa Stevo wa Buja Fm hari iyindi ntambwe vyanshikanyeko

0

Umuririmvyi akongera akaba n’umuhinyanyuzi Kolly The Magic aravugako gukorana indirimbo n’umumenyeshamakuru w’isamirizi buja fm ariwe Gisa Stevo ngo hari iyindi ntambwe vyamushikanyeko
kolly ft gisa
Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Kolly the Magic akaba yatumenyesheje ko kuva indirimbo akoranye na Gisa Stevo isohotse,indirimbo yitwa”Uranyuzuza” uyo muririmvyi ngo hari iyindi ntambwe vyamushikanyeko haba hano mu gihugu cacu eka ndetse no mu gihugu c’urwanda,Kolly akavuga ati:Tugikora irya ndirimbo sinarinzi ko izoshika aho ishitse ubu ariko aho iriko irashika nukuri ndashima Imana cane kuko ubu niyo ndirimbo igezweho,abantu baguma bayisaba ku masamirizi uko bukeye uko bwije bigatuma mbandanya kumenyekana,Kolly akabandanya avugako ataraziko irya ndirimbo izovuzwa no mu bindi bihugu duhana imbibe ariko akavuga ko mu gihugu c’urwanda ariyo ndirimbo igezweho

Tworangiza tubamenyesha ko abatarayumva iyo ndirimbo bashobora kuyumva hano ku kinyamakuru cacu: