Umushikiranganji w’imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhugirehe atangajwe n’ijambo rya Prezida Evariste Ndayishimiye yaraye atangaje aho yemeza ko urwanda rugiye gutera uburundi Rukoranye n’umuhari red tabara mu gihe ibiganiro vyari bigeze kure kugira umubano w’urwanda n’uburundi usubire kuba mwiza.
Nduhungirehe avuga ko yaganiriye na mugenzi we Albert Nshingiro kuwa 17 ntwarante 2025 mu nama ya SADEC-EAC I Harare bakemeranya kunagura umubano mwiza!

Umushikiranganji w’imigenderanire y’urwanda yatangajwe cane n’imvugo ya prezida Evariste Ndayishimiye yaraye atangarije kuri radio y’abongereza BBC aho yemeje ko afise amakuru yuko urwanda rugiye gutera uburundi rukoranye n’umuhari red tabara ariko ko abarundi bazivuna bikwiye baramutse baterwa.
Nkuko bishikirizwa n’umushikiranganjwi Olivier Nduhungirehe kurubuga rwiwe rwa X,avuga ko iyi mvugo ya Ndayishimiye iza ihushanye n’utwigoro twose turiko turakorwa kugira umubano w’urwanda n’uburundi usubire kuba mwiza.
Umushikiranganji Olivier Nduhungirehe avuga ko abarongoye abandi mu vya gisirikare n’iperereza ku mpande zose bari mubiganiro kugira ibibazo vy’urwanda n’uburundi bikemuke.
Vyongeye avuga ko kuwa 17 ntwarante 2025 iharare mu nama ya SADEC na EAC baganiriye n’umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi Albert Nshingiro bakemeranya inzira nziza yo gukemura ibibazo bihuza urwanda n’uburundi.
Naho biri uko uwo ajejwe imigenderanire y’urwanda yemeza ko urwanda ruzobandanya utwigoro twose mu kubana neza n’uburundi ndetse no mu karere.





Recent Comments