Inyuma yo kunanirwa gutorera umuti ikibazo c’igitoro mu Burundi,Leta ihagurukiye abadandaza igitoro ca Magendu.
“Nshizeho agashimwe ku muntu wese azoturangira abantu bose badadanza igitoro ca Magendu”,bishikirizwa n’umushikirangaji w’amasoko ntanganguvu Ibrahim Uwizeye.

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu ibrahim Uwizeye avuga ko ahagurukiye abantu bose badandaza igitoro ca Magendu kugeza batujijwe.
Uwo arongoye ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu avuga ko ashizeho agashimwe ku muntu wese azokwerekana abadandaza ibitoro vya magendu.
Ibi yabishikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 ntwarante 2025 mu ntara ya Gitega inyuma yo gufata ama bido ya essence na mazout arenga 40 ku muhana w’uwitwa Donatien Ntirampeba aba muri Quartier Mushasha muvntara ya Gitega.
Ikibazo c’igitoro gikomeje kuba ikibazo kitoroshe mu gihugu c’uburundi aho mbere biboneka ko Leta isa niyananiwe gukemura iki kibazo inkwirikizi nazo zagumye ziyongera;
Iduga ry’ibiciro vyo kwiyunguruza,ibiciro ku masoko navyo vyaciye bizimba eka mbere n’abagize ngo bakuye ibitoro mu bihugu bibanyi barafatwa bagapfungwa bakakwa n’ivyo bitoro.
Ikibazo kihari s’abagurisha igitoro ca Magendu kuko benshi baja kukirangura mu bihugu bibanyi kubera kiba cabuze mu gihugu.igitangaje nta misi iheze Prezida Evariste Ndayishimiye avuzr amajambo yatangaje benshi mu Burundi.
Ni mugihe yasanze ishirahamwe sopebu rijejwe kuzana ibitoro mu gihugu ryanyuruje ama litiro zirenga ibihumbi 30 z’ibitoro ariko akabibona ibisanzwe ntibahanwe bikwiye,ibi nivyo bisinzikaje igihugu kubera ingendo yo kudahana abanyuruza ubutunzi bwa Leta!





Recent Comments