“Bose bafise ama jeep v8 meza bagiramwo,baguze amazu hanze,amahera yose bayabika hanze ariko uburundi bubuze igitoro,n’ama devise hama bakaguma bimba ubutare,ubu birahagaze”bishikirizwa na prezida Evariste Ndayishimiye aho yaraye ahaye gasopo abarenga 200 bimba ubutare ariko ikigega c’igihugu hakabura na rumwe rwinjira!
Varisto Ndayishimiye ati uwombonera aho ubutare bunyegejwe azoronka 10% vy’agaciro kubwafashwe!

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, asaba abakorera mu gisata c’ubutare kwitunganya neza kugira bakorane neza na Reta, amafaranga avamwo afashe mw’iterambere ry’igihugu. Abasaba kandi kumenyesha kare umwimbu uzova mu butare kugira bizoje
mu mafaranga Reta itegekanya gukoresha mu mwaka w’2025-2026.
N’inyuma yaho abarenga 200 bose bigaragaye ko baguma bimba ubutare ariko mu kigega c’igihugu hakabura ayinjira.
Ndayishimiye n’ishavu ryinshi ati:” bose bafise ama jeep v8 bagiramwo,n’aba milliardaire,baguze amazu hanze bakabika amahera yabo hanze hama igihugu ngo kirabuze igitoro n’ama devise!bitegerezwa guhagarara”.
Prezida Ndayishimiye yabasavye gukura ubutare bubitswe mu nzu z’abarondera inyungu zabo hama babushikirize Reta aho Kuva ubu uwuzokwerekena ahanyegeje ubutare azoronswa ibice 10 % vy’agaciro k’ubwafashwe.
Ibi bigiye gukorwa mu ntumbero yo kugerageza gutuza no kurwanya bimwe biboneka abiba canke banyonora iryo tunga rusangi.
Ivyo yabishikirije mw’ikoraniro yagiranye n’abakorera mu gisata c’ubutare kuri uyu wa 2 igenekerezo rya 25 Ntwarante 2025.
Ikibazo kihari gikomeye ni kimwe:Prezida Evariste Ndayishimiye yamye arangawa no kudahana gutyo naho boshira inguvu zingana gute mu gisata c’ubutare nta mwimbu ozoboneka!





Recent Comments